Uko wahagera

Abarwanya Reta Muri Nigeriya Biyamirije Ibiganiro


Umurwi, The Niger Delta Avengers, wiyitiriye ibitero bitari bike vyabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya, mu bibanza vy’amasoyete, Chevron, Shell na ENI.
Umurwi, The Niger Delta Avengers, wiyitiriye ibitero bitari bike vyabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya, mu bibanza vy’amasoyete, Chevron, Shell na ENI.

Umurwi urwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Nigeriya, The Niger Delta Avengers, wiyamirije ivyashikirijwe na Reta vyuko hoba ibiganiro bigenewe guhagarika ibitero ku miringoti itwara ibitoro, biriko bihungabanya umwimbu w’ibitoro mu gihugu.

Umurwi, The Niger Delta Avengers, watangaje ku rubuga Twitter, ko utazoganira n’urwego urwariwo roswe rwa Reta.

Uwo murwi kandi waturikije, na bombe, iriba ry’ibitoro rizwi kw’izina rya RMP 20, ry’isosiyete icukura ibitoro, Chevron, mu karere k’uburaruko bw’intara ya Warri.

Ico gitero cabaye igihe c’isaha imwe yo mu mw’ijoro mu masaha yaho.

Umurwi, The Niger Delta Avengers, wiyitiriye ibitero bitari bike vyabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya, mu bibanza vy’amasoyete, Chevron, Shell na ENI.

Abitegereza ibintu bavuga ko ivyo bitero vyagabanije umwimbu w’ibitoro w’igihugu, ibice mirongo ibiri na bitanu kw’ijana, mu birenga igice c’umuliyoni w’udugunguru tw’ibitoro ku musi.

Reta ya Nigeriya, izera cane ku mafaranga avuye mu bitoro, yatangaje muri iyi ndwi ko igiye gushiraho umurwi ujejwe gutangura ibiganiro n’abarwanya ubutegetsi.

Umurwi, The Niger Delta Avengers, umenyesha ko ico ushaka gushikako ari uguhabuza abantu baba mu karere ka Delta du Niger.

XS
SM
MD
LG