Uko wahagera

Afurika y’Epfo Iragabishwa kw'Iterabwoba


Uwujejwe gucungera umutekano agavye magabo kuri Mall muri Afrika y'Epfo
Uwujejwe gucungera umutekano agavye magabo kuri Mall muri Afrika y'Epfo

Ingoma y’Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Australiya vyifatanije na Leta zunze ubumwe z’Amerika mu kugabisha ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba mu gihugu ca Afurika y’Epfo.

Ambasade ya Amerika muri Afurika y’epfo niyo yatanguye kumenyesha ko abanywanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu bashobora kugaba ibitero ku ma mangazine manini manini bita Mall yo mur’ico gihugu.

Nta numwe yaba ayo ma reta atanze iryo gabisha yamenyesheje aho ayo makuru y’ibitero yaje ava, ariko reta ya Amerika yo ivuga ko atagukekeranya izo nteguro ziriho.

Reta ya Afurika y’epfo ibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Brian Dube, itangaza ko abanyagihugu bayo batoterwa n’ubwoba kuko ngo boba bateye intege abo bicanyi.

Mur’iki gihe, ibihugu vya Amerika, ubwongereza, na Australiya basaba abanyagihugu babo guhagarika kugira ingendo muri Afrika y’Epfo.

XS
SM
MD
LG