Uko wahagera

Ubufransa Buriteguye ku Gikombe c'Ibihugu vy'i Bulaya


Ubufransa kw'ikarata
Ubufransa kw'ikarata

Ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru ry’ibihugu vy’i Bulaya, ryo muri uyu mwaka, w’i 2016 izotangura ku musi wa gatanu w’iyi ndwi.

Ibihugu mirongo ibiri na bine, vyo mu karere k’i Bulaya, biriko bizohiganwa mu gihugu c’Ubufransa. Ico gitigiri congerejwe kivanywe ku bihugu cumi na bitandatu.

Urukino rw’ukwugurura iryo higanwa ruzoba, ku musi wa gatanu, hagati y’Ubufransa, igihugu kizoba cakiye iryo higanwa, n’igihugu ca Rumaniya.

Imirwi ibihugu bihiganwa birimwo n’itandatu.

Umurwi A ugizwe n’ibihugu vy’Ubufransa, Rumaniya, Albaniya n’Ubuswise.

Umurwi B urimwo Ubwongereza, Uburusiya, Pays de Galles, na Slovakiya.

Mu murwi C harimwo Ubudagi, Uknaine, Pologne na Irlande yo mu buraruko.

Umurwi D urimwo ibihugu vya Espagne, Republika y’Aba Czech, Tukriya na Croatia.

Umurwi E ugizwe n’Ububiligi, Ubutaliyano, Irlande n’Ubusweda.

Mu gihe umurwi F urimwo ibihugu vya Portugal, Islande, Autriche na Hongriya.

Ubufransa bwaratsinze ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vyo mu karere k’i Bulaya, ubwa nyuma ico gihugu cakiye iryo higanwa, mu mwaka w’i 1984.

Michel Platini yakina muri ico gihe yinjije ibitsindo icenda, muri iryo higanwa, ibitsindo ata wundi mukinyi arinjiza muri iryo higanwa.

Ingingo zikomeye zerekeye umutekano zarategekanijwe, mu bibanza vyose bizokwakira igikombe c’umupira w’amaguru c’ibihugu vy’i Bulaya.

Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje k’ikibazo cerekeye iterabwoba, atari ikibazo kihari, kandi kizohaguma mu gihe kirekire.

Yamara amenyesha k’ivyo bidashobora kubuza igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya kuba. Ko bazofata ingingo zose zikenewe kugira iryo higanwa rigende neza.

XS
SM
MD
LG