Uko wahagera

Libiya: Nta Ntambwe Ziboneka Reta Irashikako


Abarwanyi bashigikiye Reta y’ubumwe, yaganiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, mu gihugu ca Libiya bariko baragira intambwe mu rugamba rw’ukurwanya umurwi wa Reta ya Kiyislamu.

Yamara nta ntambwe ziraboneka Reta y’ubumwe iragira, mu mugambi w’ugutsimbataza ubutegetsis bwayo, mu buseruko bw’igihugu.

Mu burengero bw’igihugu, no ku murwa mukuru, Tripoli,abanyagihugu batera badashimishwa n’ukugene Reta y’ubumwe ata kinini yakoze, kugira itume ubuzima bwabo bwisunura kurushiriza.

Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze bikomeye cane, umuyagankuba uracika kenshi mu gihe amafranga abandanya kutaboneka, mu bituma imisharara y’abakozi yigizwayo mu kiringo c’amezi, amabanki nayo agabanya igitigiri c’amafranga abantu bashobora kuyakuramwo.

Abantu bagera ku muliyoni n’ibihumbi amajana atatu, barakenye imfashanyo. Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

XS
SM
MD
LG