Uko wahagera

Amerika: Hillary Clinton Yimirije Kuja mu Mateka


Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, niwe mupfasoni wa mbere azogenwa n’umugambwe wiwe w’Abademokrate. Uyu ni umwe mu migambwe ibiri ikomeye cane muri Amerika.

Madame Clinton azawuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka. Ntazogenwa icese gushika habaye ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokrate, mu kwezi kuza.

Hillary Clinton yaritondeye ku musi wa mbere mw’ijoro ivyerekeye kwerekana ko ariwe abonwa ko azoserukira umugambwe wiwe, mu kuvuga ko mu gihe ibiharuro vyerekana ko ari hafi y’ugushika ku gihe kitari bwaboneke mu mateka y’igihugu.

Uno musi ku wa kabiri, niwo musi wa nyuma ukomeye mu matora ya mbere. Igitigiri c’abajejwe gushikiriza amajwi gisigaye ni amajana umunani na mirongo itanu n’umwe.

XS
SM
MD
LG