Uko wahagera

Pologne Iyoboye Imyimenyerezo ya OTAN


Igihugu ca Pologne, n’ibihugu mirongo ibiri, biri mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, batanguye uno musi ku wa kabiri, imyiyemenyerezo ikomeye ya gisirikare. Ni mu mugambi w’uguhumuriza ibihugu vyo mu karere ko hagati, no mu buseruko bw’Ubulaya. Aka karere gatewe impungenge n’inyifato y’Uburusiya, mu gihugu kibanyi ca Ukraine.

Abategetsi b’Uburusiya biyamirije icese iyo myimenyerezo ya gisirikare, mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri, mu kuvugako bidafasha ku bijanye n’ukwizigirana, hamwe n’umutekano mu karere k’i Bulaya.

Umwuka mubi hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi wariyongeye, mu buryo bitari bwibonekeze kuva immishamiraho hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, n’icari Ubumwe bw’Abasoviete irangiye.

Umunyamabanga mukuru OTAN, Jens Stoltenberg, yahumurije abafise impungenge kw’igihe c’imishamirano hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, n’icahoze ari ubumwe bw’Abasoviete ari kahise. Amenyesha ko bashaka kw’ibintu biguma guryo. Yamara, Uburusiya burwanya umugambi wa OTAN, w’ugutera ryaguka, mu kwakira ibihugu vyahoze ari ivy’Abasoviyete,

Imyimenyerezo ya gisirikare y’imisi icumi, iyobowe na Pologne, yiswe, Anakonda-16. Irimwo inteko 31.000, ibimodoka vya gisirikare 3.000, indege z’ingwano 105, n’ubwato bw’ingwano cumi na bubiri.

XS
SM
MD
LG