Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abantu 11 mu Gisagara ca Istanbul


Bombe yahitanye abantu cumi n’imisi, harimwo abapolisi indwi mu gisagara ca Istanbul, mu gihugu ca Turkiya. Iyo bombe yakomerekeje abandi mirongo itatu na batandatu, mu masaha y’uruja n’uruza rukomeye yo mu gitondo, uno musi ku wa kabiri.

Ambilanse zitari nke zarungitswe aho ico gitero cabereye, mu gice ca Vezneciler, kiri hafi y’ishule kaminuza, Istanbul University, n’ikibanza kigenderwa, cane n’ingenzi ca Bayezit Square, hagati mu gisagara ca Istanbul.

Inyuma yuko agendeye abakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro byitiriwe Hasek. Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yatangaje kw’urugamba rw’igihugu ciwe ku bagira iterabwoba ruzobandanya gushika ku ntsinzi.

Ico gitero ca bombe cabaye, ku musi ugira kabiri, w’ukwezi guhezagiye kw’iramazani ku Bayislamu, ni kimwe mu bitero bitari bike biherutse kubera mu bisagara vya Istanbul, na Ankara, muri uyu mwaka.

Ntawiyitiriye buno nyene ico gitero ca bombe.

XS
SM
MD
LG