Uko wahagera

Irak: Ubwicanyi Bwibasiye Impunzi Zihunga Fallujah


Muri Irak, mu gisagara ca Fallujah, ingwano iri hagati ya Reta n’intagondwa z’abayisilamu, irabangamiye abanyagihugu. Ibiro vy’igihugu ca Norvege, vyitaho impunzi, vyatangaje ko abanyagihugu babashikira bavuga ko baraswa n’izo ntagondwa igihe baba bariko baragerageza guhunga.

Igisirikare ca Irak kikaba kimaze iminsi gitana mu mitwe n’intagondwa z’abayisilamu, aho kiriko kiragerageza kwigarurira ico gisagara ca Fallujah, izo ntagondwa zafashe kuva mu kwezi kwa mbere kw’2014.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abashika ku bihumbi mirongo itanu babuze aho baca kugira bahunge iyo mishamirano. ONU ikavuga ko abatari bake, harimwo n’abana, batwawe nz’inzuzi, bariko barajabuka uruzi gw’imetero 300.

Ibiro vya Norvege bijejwe impunzi bivuga ko imiryango idashika n’ibihumbi bitatu aribo bashoboye guhunga bakava mu gisagara ca Fallujah, imishamirano igitangura, itariki 21 z’ukwezi kwa gatanu.

Nasr Muflahi, uwurongoye Ibiro vya Norvege bijejwe impunzi muri Irak, avuga ko bari bafise ubwoba bw’uko abanyagihugu bashobora gutangura kwicwa igihe batanguye guhunga.

Iyo ntambara iri mu gisagara ca Fallujah, mu gihugu ca Irak, ikaba ihuriranye n’uko, Siriya, igihugu kibanyi, nayo iri mu ntambara yo kwigarura igisagara ca Raqqa, aho abagwanyi muri Siriya bageze kure mu gutera igisagara ca Manbji, cari gisanzwe carigaruriwe n’intagondwa za Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG