Uko wahagera

Abanywanyi b'Umugambwe FNL Mu Mvuto


Agathon Rwasa Umukuru w'umugambwe FNL
Agathon Rwasa Umukuru w'umugambwe FNL

Abanywanyi batatu b'umugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa ku mutumba Gatemere na Rurira muri zone Murore komine ya Busoni bapfungiwe mu gasho k'iyo komine kuva kuruyu wa mungu.

Baragirizwa n'abajejwe intwaro gukora inama iemewe n'amategeko. Abo bagirizwa ni Gaspard Mutabazi umukuru w’umugambwe muri zone Murore muri komine ya Busoni, icegera ciwe Ladislas Niragira na Jean Marie Vianney Kurunyunge arongoye uwo mugambwe ku mutumba wa Gatemere.

Oscar Nizigiyimana arongoye umugambwe FNL ishami rya Rwasa mu ntara ya Kirundo avugako ico bapfungiwe kitaratomoka neza. Avugako ihagarikwa n’ifatwa ry’abo banywanyi b’umugambwe arongoye ritisunze amategeko

Kuriryo fatwa ry’indongozi za FNL ishami rya Rwasa Ijwi ry'Amerika ryarondeye musitanteri wa komine Busoni aca arimbwirako ataco abiziko kandi ko ari mu nama.

Ijwi ry'Amerika ryahavuye rirondera umukuru wa zone Murore, uwo nawe mu ntubero yo gufasha kuronka umuco aca ayishikana kubatware bo hasi aho bafatiwe. Pascal Misago umukuru w’agacimbiri gatemere avugako bafashwe mu gihe bari barangije inama y’umugambwe itemewe n’amategeko

Mugihe uwurongoye umugambwe FNL ishami rya Rwasa mu ntara ya Kirundo avugako abanywanyi babo bafashwe hatisuzwe amategeko asigurako mubabigiyemwo harimwo indongozi z’umugambwe uri kubutegetsi, Jean Berchimas Ndabereze arongoye CNDD-FDD umwe mu bavugwako aribo bafashe abo banywanyi ba FNL avugako bakoreye ku makuru bahawe bica biba ngombwa ko arengera umugambwe mu guhagararira umutekano.

Hari haciye amezi atatu gusa muriyo Komine hahagaritswe indongozi za FNL mu ntara ya Kirundo no mu karere ka Bweru-Buyogoma kagizwe n’intara za Kirundo,Muyinga na Cankuzo.

Izo ndongozi nazo nyene zagirizwa kugira inama itemewe n’amategeko zarekuwe inyuma y’indwi zibiri zamaze mu gasho ka Komine Busoni.

XS
SM
MD
LG