Uko wahagera

Afganistani: Umunyamerika David Gilkey Yarishwe


David Gilkey, umunyamakuru w'umunyamerika afata amafoto n'amasanamu ya videwo.
David Gilkey, umunyamakuru w'umunyamerika afata amafoto n'amasanamu ya videwo.

Muri Afganistani, Umumenyeshamakuru w’umunyamerika afata amafoto n’amasanamu ya Videwo yarishwe.

David Gilkey, umukukuruke mu gisirikare c’Amerika yicanywe na Zabihullah Tammana yar’ashinzwe kumusobanurira k'umusi wa mungu mugihe barikumwe n’abasirikare ba Afganistani mu bumanuko bw’intara ya Helmand.

Nta nsobanuro zirenga izi ziratangwa cane cane iz'abamwishe canke izerekeye igitigiri c’abasirikare bari kumwe nawe canke ko har’abandi boba barahasize ubuzima.

David Gilkey, yar’afise imyaka 50 y’amavuko, yar'umwe mu banyamakuru barinda, bagenda atabamucungereye umutekano arinze gusaba.

Yatanguye gukorera muri Afganistani inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye muri Amerika mu kwezi kwa cenda, italiki 11 umwaka w’2001.

Yarakurikiranye kandi intambara yabaye mu myaka y’2008 n’2009 mu ntara ya Gaza hagati ya Isirayeli n’umuhari wa Hamas.

Yatazirwa “Intambara ya Gaza”. Yarakoreye kandi no muri Haiti inyuma y’aho ico gihugu giterewe na nyamugigima yihaye inkumbi mu mwaka w’2010.

XS
SM
MD
LG