Uko wahagera

Bangladesh: Umukenyezi Mahmuda Akter yaragandaguwe


Umukenyezi Mahmuda Akter, ari kumwe n'umugabo wiwe Babul Akter.
Umukenyezi Mahmuda Akter, ari kumwe n'umugabo wiwe Babul Akter.

Abantu bakekwa kuba abo mu muhari w’aba Isilamu b’intagongwa baragandaguye Mahmuda Akter, umukenyezi w’umukuru arongoye igisata c’igipolisi kirwanya iterabwoba.

Abategetsi ba Bangladesh bamenyesheje ko abantu batatu bari kw’ipikipiki bamusogose imbugita, mu nyuma baca bamuhohosha n’amasasu mugihe yari ashikanye umwana wiwe aho yategerera bus imujana kw’ishure ejo kuwa mungu.

Akter ni umukenyezi wa Babul Akter, yar’aherutse guhabwa amabanga mu gipolisi k’umurwa mukuru Dhaka wa Bangladesh.

Imbere y’aho Babul Akter yar’ashinzwe amabanga yo kurongora abakora amatohozwa ku bwicanyi bwari bumazi imisi bukorerwa abanditsi b’ibinyamakuru n’abaharanira agateka ka muntu mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG