Uko wahagera

Abategetsi ba FIFA Bihemvye Imiliyoni 80 y'Amadolari


Ikimenyetso ca FIFA ku cicaro caryo mu gisagara ca Zurich, mu gihugu c'Ubuswise
Ikimenyetso ca FIFA ku cicaro caryo mu gisagara ca Zurich, mu gihugu c'Ubuswise

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru, FIFA, ryatangaje ko uwahoze ari umuyobozi waryo, Sepp Blatter, n’abandi bategetsi babiri bakomeye biyongeye imishashara, n’utundi duhembo, tw’agaciro k’imiliyoni mirongo umunani y’amadolari.

Abashingwamanza b’ishirahamwe FIFA, bavuga ko Sepp Blatter, na Jerome Valcke, yahoze ari umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe FIFA na Marcus Katter, yahoze ari umuyobozi ajejwe ikigega, bateguriye hamwe umugambi y’ukwiha amafranga y’umurengera, hagati y’umwaka w’i 2011 n’umwaka w’i 2015.

Ivyerekeye itohoza mw’ishirahamwe FIFA, vyasohotse uno musi ku wa gatanu, umusi umwe inyuma yuko igipolisi gisatse icicaro c’ishirahamwe FIFA, mu gisagara ca Zurich, kugira zitore ivyemezo bigenewe itohoza.

Abategetsic b’Ubuswise, bagize ico kigorwa c’ugusaka, mu mugambi w’ugutohoza ivyerekeye ukugene ibihugu bizokwakira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, mu mwaka w’i 2018 n’umwaka w’i 2022, vyatowe.

Ishirahamwe FIFA, riri mu bibazo, kuva mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2015, igihe itohoza rya reta Zunze Ubumwe za Amerika, ryerekana ruswa yakwiragiye muri iryo shirahamwe.

XS
SM
MD
LG