Uko wahagera

Igikombe Copa America muri Amerika


2016 COPA AMERICA CENTENARIO logo
2016 COPA AMERICA CENTENARIO logo

Igikombe c’umupira w’amaguru ca Copa America, gihimbaza imyaka ijana iryo higanwa rihuza uko imyaka ine irangiye, ibihugu vyo muri Amerika yo mu bumanuko, kiratangura uno musi ku wa gatanu, ngaha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kubera uguhimbaza imyaka ijana ico gikombe kimaze gitanguye, haratumiwemwo n’ibihugu vyo mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko, Amerika yo hagati, n’akarere ka Carayibe.

Urukino rw’ukwugururaico gikombe ruza kuba, uno musi ku wa gatanu, hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika iza gukina na Colombiya mu gisagara ca Santa Clara, muri Reta ya Califoniya, Mu nkino zizoba, ejo ku musi wa gatandatu, Brezil izohura na Equateur, Haiti izokina na Peru, mu gihe Cosata Rica izokina na Paraguay.

Iryo higanwa rizorangira kw’italiki 26, z’uku kwezi kwa gatandatu.

Urukino rwa nyuma ruzoba kuri iyo taliki mu gisaga ca East Rutherford, muri Reta ya New Jersey.

Imirwi ibihugu bizohiganwa birimwo n’ine.

Umurwi A ugizwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Costa Rica, Colombiya na Paraguay.

Umurwi B urimwo Brezil, Equateur, Haiti na Peru.

Umurwi C urimwo ibihugu vya Mexique, Uruguay, Jamaica, na Venezuela mu gihe umurwi D ugizwe na Argentine, Chile, Panama na Bolivia.

.

XS
SM
MD
LG