Uko wahagera

Ibihugu Bikomeye vyo kw'Isi Vyahuriye i Paris


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’abandi bashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vyo mu karere k’i Bulaya, no mu karere k’Abarabu, bahuriye i Paris mu Bufransa, uno musi ku wa gatanu. Bizeye ko bashobora kwumvikana bihagije, ku vyerekeye gusubira kunagura ibiganiro vy’amahoro hagati ya Israel n’Abanyapalestina.

Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yasavye Israel n’Abanyapalestina kwerekana ubutwari mu guhitamwo amahoro, igihe yugurura inama yerekeye amahoro.

Francois Hollande, amenyesha ko ibiganiro ku bisabwa kugira amahoro arama azoshikweko hagati ya Israel n’Abanyapalestina, bitegerezwa gufatira ku karere kose.

Perezida Hollande, yatangaje kw’ibihugu bikomeye vyo kw’isi vyotegerezwa kugira uruhara rukomeye mu kworohereza umugambi w’amahoro. Yamara yatangaje kw’ingingo ya nyuma izova kuri Israel n’Abanyapalestina, ku vyerekeye gutorera inyishu ivyo izo mpande zibiri zitumvikanako.

Inyuma y’iyo nama, yari yitabwe n’umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yabwiye abamenyeshamakuru ko ashobora gushigikira iciyumviro c’ukugirisha ikoraniro mpuzamakungu, mu mpera z’umwaka, aho abaserukira Israel n’Abanyapalestina bazoba batumiwe.

XS
SM
MD
LG