Uko wahagera

Ubwato Butwaye Abimukira Bwibiye mw'Ibahari Mediterane


Impunzi ku rubibe hagati y'Ubugiriki na Macedoniya
Impunzi ku rubibe hagati y'Ubugiriki na Macedoniya

Ibiziga vy’abantu bane vyatowe, abimukira 342 nabo baratabarwa mu bwato bwibiye mw’ibahari Mediterane, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu.

Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, uno musi ku wa gatanu.

Hafi y’abimukira amajana indwi babonwako bari mu bwato bw’ibiti bwatanguye kwibira, mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu.

Aho ubwo bwatof bwibiriye ni hafi y’ibilometero mirongo irindwi, mu bumanuko bw’izinga rya Crete.

Ubwato butanu, harimwo ubwato bw’abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b’igihugu c’Ubugiriki, n’indege ya kajugujugu ijejwe gutabara, vyarungitswe mu gikorwa c’ukubandanya kurondera abari nmu bwato bwibiye.

Amakuru yerekeye ubwenegihugu bw’abimukira batabawe ntaremezwa.

Abatabawe ari abimukira ah’ukuba impunzi, bashobora gusubizwa mu bihugu vyabo inyuma yuko bamenyekanye.

Yamara impunzi zishobora gusaba ubuhungiro, mu bindi bice vy’akarere k’ i Bulaya.

Abimukira n’impunzi bagera ku 880 barapfuye bariko bageregeza kujabuka ibahari Mediterane, mu kiringo c’indwi irangiye. Ivyo bitangazwa n’ishami ry’ishirahamwe O-N-U ryitaho impunzi HCR.

XS
SM
MD
LG