Uko wahagera

Swaziland: Umwami Mswati Agiye Kuyobora SADC


Umwami Mswati III wa Swazilande n'umukenyezi wiwe Inkhosikati La Mbikiza
Umwami Mswati III wa Swazilande n'umukenyezi wiwe Inkhosikati La Mbikiza

Umwami Mswati wa gatatu wa Swazilande niwe agiye kurongora ishirahamwe rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubumanuko, SADC.

Ayo mabanga bitegekanijwe ko azoyashingwa mu nama y’abakuru b’ibihugu n’ama reta yo mur’ako karere yimirije kubera k’umurwa mukuru Mbabane wa Swazilande mu kwezi kwa munani.

Ariko imihari iharanira demokarasi mur’ico gihugu itangaza ko idashigikiye iryo genwa ry’umwami Mswati. Bamwagiriza guhohotera uburenganzira bw’abanyagihugu biwe mu kubabuza gushinga amashirahamwe no guserura ivyiyumviro.

Ni mugihe kandi imigambwe ya politike mur’ico gihugu yabujijwe kuja mu matora yama atunganwa n’umurwi ujejwe kuyatunganya.

Abashigikiye reta bamenyesha ko ari ivyishimo kubona umwami Mswati agiye gushigwa ayo mabanga.

XS
SM
MD
LG