Uko wahagera

Hillary Clinton ati: Trump Ntakwiriye Kuba Perezida


Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko ashikiriza ijambo ku vyerekeye umutekano wa Amerika mu gisagara ca San Diego, muri reta ya Californiya, kw'italiki 2 z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko ashikiriza ijambo ku vyerekeye umutekano wa Amerika mu gisagara ca San Diego, muri reta ya Californiya, kw'italiki 2 z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Hillary Clinton, Umukandida w’Umudemokrate ari imbere mu mugambwe wiwe, yavuze ko Umurepublika bahiganwa, Donald Trump, ari umuntu ashobora gutera ibibazo, kandi adasfise ibisabwa kugira abe umukuru w’igihugu. Ivyo Hillary Clinton yabitangaje mw’ijambo yashikirije, kuri politike yiwe yo mu mahanga, ku musi wa kane, mu gisagara ca San Diego, muri Reta ya Californiya.

Hillary Clinton, amenyesha ko ukuntu Donald Trump yitwara, bitabereye ko ahabwa amabanga asaba ubumenyi, n’ubwitonzi bukomeye.

Hillary Clinton, avuga ko Trump atumva Amerika, canke amakungu.

Amenyesha ako Trump, ashobora kujana Amerika mu ngwano, kubera hari uwuvuze ivyo adashaka kwumva.

Imbere yuko Hillary Clinton, ashikiriza ijambo ryiwe kuri politike yiwe yo mu mahanga, Donald Trumpa, yarakoresheje amajambo akomeye cane, kuri Hillary Clinton, mu kuvuga ko ari umuntu adashobora kwizigirwa.

Hillary Clinton, yashimikiye ku kugene amenyereye amanga ya Reta, mu kuvuga ko yabaye umupfasoni wa perezida, Umusenaterim n’umushikanganji ajejwe imigenderanire. Amenyesha ako ko yokoresha ubuhinga afise bwofasha muvyo igihugu gikeneye, haba mu vyerekeye umutekano, canke imigenderanaire.

XS
SM
MD
LG