Uko wahagera

Amerika: Prince Yishwe n'Ugufata Imiti Irenze Urugero


Umuririmvyi kirangiranwa w'Umunyamerika aherutse kwitaba Imana, Prince

Umuririmvyi kirangiranwa w'Umunyamerika aherutse kwitaba Imana, Prince

Ibipimo vyerekana ko umuririmvi kirangiranwa w’Umunyamerika w’umuziki wa pop, Prince, yahitanywe n’imiti irengeye urugero igabanya ububabare yitwa opioid yafashe.

Prince yafashe iyo miti imbere yuko abonana n’umuganga yari kumufasha guheba iyo miti.

Prince, izina ryiwe ry’ukuri ari, Prince Rogers Nelson, yatowe yapfuye mu nzu yiwe hanze y’igisagara ca, Minneapolis, kw’italiki mirongo ibiri n’imwe z’ukwezi kwa kane.

Prince, yari yitaweho n’abanganga kubera gufata imiti igabanya ububabare irengeye urugero, imisi mikeyi imbere y’urupfu rwiwe.

Inzandiko z’igipolisi zerekana ko yabonyane n’umuganga, umusi umwe imbere yuko apfa.

Prince, yatowe yapfuye muri ascenseur mu nzu yiwe, mu gitondo co kw’italiki mirongo ibiri n’umwe z’ukwezi kwa kane.

XS
SM
MD
LG