Uko wahagera

Impunzi n’Abimukira Bariyongereye muri Amerika


Igitigiri c’abimukira bagana leta zunze ubumwe z’Amerika, baba abaca mu nzira ziciye mu mategeko canke abadafise ivyangombwa cariyongereye cane mu myaka ibiri iheze ibitigeze kuboneka hambere.

Amatohozwa yakozwe, yerekana ko ibitigiri binini vy’abimukira bava mu bice vya Aziya y’ubuseruko, Aziya y’ubumanuko abandi bava muri Amerika y’epfo, abo bita aba Latino.

Ayo matohozwa agaragaye mugihe umukandida ariko yiyamamariza kurongora Amerika Donald Trump yemeye ko mugihe yotorwa azoca yubaka uruhome k’urubibe Amerika ihana n’igihugu ca Mexike kugira azibire abinjira muri Amerika badafise ivyangomba.

Ikigo ciga ivy’abimukira muri Amerika cerekanye ko abimukira bakwije ibisabwa barenga imiliyoni zitatu aribo binjiye muri Amerika mu myaka y’2014 n’2015.

Ibitigiri vyaduze ku bice 39 kw’ijana ugereranije n’imyaka ibiri y’imbere yaho.

XS
SM
MD
LG