Uko wahagera

Autriche: Inyubakwa y’Impunzi Yaturiwe


Abariko barazimya inyubakwa y'impunzi y'i Altenfelden, mu buraruko bwa Autriche .
Abariko barazimya inyubakwa y'impunzi y'i Altenfelden, mu buraruko bwa Autriche .

Mu gihugu Autriche, ni ku mugabane wa Bulayi, abantu bataramenyekana baraturiye inyubakwa nshasha yaheruka kwubakirwa abimukira hafi y’urubibe ico gihugu gihana na n’ibihugu vy’Ubudagi na chekoslovakiya.

Umuryango utabara imbabare kw’isi, Croix Rouge watangaje ko abantu 48 bariko basaba ubuhungiro muri Autriche aribo bari bagiye kwimurirwa mur’iyo nyubakwa mu ndwi zibiri ziri imbere.

Abategetsi ba Autriche bamenyesha ko iyo nyubakwa yari ahitwa Alten-felden mu buraruko bw’ico gihugu yaturiwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu.

Croix Rouge igereranya ko ivyononekaye vyari bifise agaciro kangana n’ibihumbi 335 vy’amadolari kandi ikamenyesha ko igiye kwubaka iyindi nyubakwa mur’ico kibanza nyene.

XS
SM
MD
LG