Uko wahagera

Kenya: Abanyepolitike Kumatora Yo Mu Mwaka Uza


Ministre wa mbere wa Kenya, Raila Odinga kandi arongoye abatavuga rumwe na reta.
Ministre wa mbere wa Kenya, Raila Odinga kandi arongoye abatavuga rumwe na reta.

Mu gihugu ca Kenya, abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na reta bamenyesha ko hari cizere cuko hoba hagiye kuba icuka ciza hagati yabo n’ubutegetsi.

Uwuserukira abatavuga rumwe n’umutegetsi, Raila Odinga yashikirije ejo kuwa gatatu ko har’icizere ko bagiye kugiranira ibiganiro n’umugambwe uri k’ubutegetsi kubijanye n’ivyohindurwa mu murwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora.

Yabitangaje mugihe iyo migambwe yari yateguye imyiyerekano k’umurwa mukuru Nairobi kuwa gatatu.

Bagiriza umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora uhari ko ubogamira k’uruhande rw’umugambwe uri k’ubutegetsi.

Reta ya Kenya yamwe ishikiriza ko idashobora guhindura abagize uwo murwi. Igihugu ca Kenya gitegekanya gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka mu kwezi kwa munani k’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG