Uko wahagera

Abana 20,000 Bafatiwe mu Gisagara ca Fallujah


Abana bagera ku bihumbi mirongo ibiri barafatiwe mu gisagara ca Fallujah, mu gihugu ca Iraki. Ivyo mu gihe ugutana mu mitwe gukomeye muri ico gisagara hagati y'inteko za Reta n'abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bafashe hareheze ikiringo kirenga imyaka ibiri iriko itera yiyongera.

Kuva igikorwa ca gisirikare ca Reta ya Iraki gitanguye mu gisagara ca Fallujah, ku bilometero 60 mu burengero bw’umurwa mukuru, Baghdad, imirango miekyi y’ababa amuri ico gisagara nibo bashoboye kuhava, benshi bimukiye mu makambi abiri, mu gihe abandi bahungiye ku nshuti zabo. Ivyo bitangazwa n’ishami ry’ishirahamwe ONU, ryitaho abana, UNICEF.

Ishirahamwe UNICEF, riragabisha kandi kw’abana bashobora gutegekwa kuja ku rugamba ku nguvu, kandi bashcobora gutandukanywa n’imiryango yabo.

Abantu bagera ku bihumbi bitatu n’amajana indwi, barashoboye guhunga igwano mu gisagara ca Fallujah, kuva mu ndwi iheze.

Hari ubwoba kw’abasivile ibihumbi n’ibihumbi, bagifatiwe mu gisagara ca Fallujah, bashobora gukoreshwa n’umurwi wa Reta ya Kiyislamu nk’inkinzo.

Abarwanyi ba Reya ya Kiyislamu bariko bivuna bikomeye inteko z’igihugu ca Iraki.

XS
SM
MD
LG