Uko wahagera

Umuhora wo mu Kuzimu Muremure mu Busuwisi


Ubusuwisi bwuguruye umuhora muremure cane kw’isi w’itereni wo mu kuzimu, witwa, Gotthard Base Tunnel . Uburebure bw’uwo muhora burenga ibilometero mirongo 57 musi y’imitumba ya Alpe.

Chenceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, perezida w’Ubufaransa, Francois Hollande, n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Matteo Renzi, bifatanije n’abategetsi b’Ubusuwisi, mu birori vyarimwo imirwi y’imiziki, abatamvyi n’ururirimbo rw’icivugo c’uwo muhora, ibikorwa vyawo vyatanguye haraheze imyaka 17.

Igihe uwo muhore uzotangura gukorana neza, mu kwezi kw’icumi na kabiri, uzohuza abanyagihugu n’ubutunzi bw’ibihugu vy’i Bulaya.

Ivyo vyatangajwe na perezida w’Ubusuwisi, Johann Schneider-Ammann.

Ameneysha kw’ari intambwe ikomeye cane, ku gihugu c’Ubusuwisi, no ku bihugu bibanyi, n’ibindi bice vy’akarere k’i Bulaya.

Avuga ko umuhora wo mu kuzimu, Gotthard Base Tunnel , arico gikorwa c’ukwubaka gikomeye cane c’iki kinjana.

Uwo muhora watwaye amafranga arenga imiliyaridi 12 z’amadolari.

XS
SM
MD
LG