Uko wahagera

Somaliya: Dulyadeyn Yishwe mu Gikorwa ca Gisirikare


Abategetsi ba Somaliya, batangaza ko Mohamed Mohamud, yateguye ubwicanyi bukabije bwabereye kw’ishule kaminuza ya Garissa, mu gihugu ca Kenya, yishwe mu gikorwa ca gisirikare cabaye, mu masaha akuze yo mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri.

Mohamud, azwi neza kw’izina rya Dulyadeyn, yari arongoye umurwi utinywa cane, “Amniyat”, w’umurwi al-Shabab. Niwe ari inyuma y’igitero vyo mu kwezi kwa kane umwaka w’i 2015, kw’ishule kaminuza ya Garissa, cahitanye abantu148, hafi ya bose abanyeshule.

Umutegetsi akomeye wa Somaliya, atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana avuga kw’indege za kajugujugu za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarashe misile, zisambura imodoka Dulyadeyn, n’abandi bantu babiri bariko bagenderamwo.

Yamara umushikiranganji ajejwe umutekano mu ntara ya Jubba, Andurashid Janan, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’umurwannyi umwe yishwe n’inteko zidasanzwe z’Abanyesomaliya, zamenyerejwe na Amerika, zizwi kw’izina rya Danab.

Ico gitero cabereye, mu gisagara ca Bula-Gaduud, kiri mu bumanuko bw’igihugu, hafi y’ibilometero mirongo itatu, mu buraruko bw’igisagara ca Kismayo. Ababa muri ico gisagara batashatse kumenyekana, kubera impamvu z’umutekano wabo, batangaje ko bumvise urwamo rw’amabombe mw’ijoro.

Ibiro bijejwe umutekano vy’igihugu muri Somaliya vyemeje urupfu rwa Dulyadeyn.

Umurwi al-Shabab ntaco wavuze buno nyene ku vyerekeye ico gitero. Na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntaco zabivuzeko buno nyene.

XS
SM
MD
LG