Uko wahagera

Etiyopiya: Yonatan Tesfaye Yatawe mu Mvuto


Yonatan Tesfaye Yatawe, ari mu mugambwe utavugarumwe n'Ubutegetsi muri Etiyopiya
Yonatan Tesfaye Yatawe, ari mu mugambwe utavugarumwe n'Ubutegetsi muri Etiyopiya

Umunyepolitike akomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Etiyopiya, ari mw’ibohero yagirizwa ivyaha vy’iterabwoba.

Yonatan Tesfaye, yahoze ar’umuvugizi w’umugambwe witwa “Semayahi Blue Party”.

Yagirizwa gukoresha urubuga rwiwe rwa facebook mu kunegura ingene reta yigenjeje mu kuburizamwo imyiyerekano yabaye mu ntara ya Oromia mu kwezi kwa gatatu.

Abakurikiranira hafi ivy’uyo mugabo baratangazwa no kubona ivyo yagirizwa ata nakimwe kigaragaza ko har’inkoho canke ibombe yafatanwe kandi nta kigaragara ko hari umuhari n’umwe w’intagondwa arimwo.

Reta ya Etiyopiya imwagiriza gutegura no guhamagarira abanyagihugu mu bikorwa vy’iterabwoba.

Mugihe yokwagirwa n’ivyo vyaha ashobora gufungwa burundu cane akicwa.

XS
SM
MD
LG