Uko wahagera

USA: Abanyamerika Bagira Ingendo I Bulayi Baragabishwa


美国发出欧洲恐怖袭击旅行警告(美国国务院网页截屏)

美国发出欧洲恐怖袭击旅行警告(美国国务院网页截屏)

Leta Zunze ubumwe z’Amerika zasohoye urwandiko rugabisha abanyamerika kutagira ingendo ku mugabane wa Bulayi yishimikije ko hari ibimenyetso ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba.

Abanyamerika basabwa kutaja mu birori canke mu nkino zikomeye, kutaja mu bice vya ba mukerarugendo, mu mazu y’uburiro, amazu manini manini akorerwamwo urudandazwa no mu bituro vy’ama bus canke amatereni.

Iryo gabisha ritumbereye cane cane inkino z’umupira w’amaguru w’imigwi ya Bulayi zimirije, amahiganwa y’amakinga yiswe Tour de France.

Ritumbereye kandi n’ihuriro mpuzamakungu ry’urwaruka ruhurikiye muri Ekleziya Katolika ritegekanijwe kuba mu mpera z’ukwezi kwa ndwi mu gihugu ca Pologne.

Iryo gabisha rizoherana n’impera z’ukwezi kwa munani k’uyu mwaka w’2016.

XS
SM
MD
LG