Uko wahagera

Igitigiri c'Abimukira Bapfa Gitera Ciyongera Bikomeye


Abimukira n'impunzi barindiye kujabuka urubibe hagati y'Ubugiriki na Macedoniya hafi y'igisagara ca Idomeni, mu buraruko bw'Ubugiriki,kw'italiki 14 z'ukwezi kw'icenda, umwaka w'i 2015
Abimukira n'impunzi barindiye kujabuka urubibe hagati y'Ubugiriki na Macedoniya hafi y'igisagara ca Idomeni, mu buraruko bw'Ubugiriki,kw'italiki 14 z'ukwezi kw'icenda, umwaka w'i 2015

Abimukira n’impunzi bagera ku majan umunani barapfuye igihe bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane, mu kiringo c’indwi irangiye. Ivyo vyatangajwe, ejo ku musi wa kabiri, n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho impunzi, HCR.

N’ukuvuga kw’igitigiti c’abamaze gutagaza ubuzima bwabo, mu mezi atanu ya mbere y’umwaka w’i 2016, barenga ibihumbi bibiri n’amajana atanu, bariko bagerageza gushikira akarere k’i Bulaya.

Mu mwaka w’i 2015, abantu igihumbi n’amajana umunani na mirongo itanu na batanu barapfuye, mu gihe nkiki, mu mwaka uheze.

Amashirahamwe ajejwe gutabara yarerekanye isanamu y’umukozi ajejwe gutabara, wo mu gihugu c’Ubudagi, afise mu minwe yiwe umwana yasomye nturi, kugira ivyo bitume amakungu agira ico akoze ku kibazo c’abimukira.

Benshi mu bimukira barondera gushikira akarere k’i Bulaya, bava mu bihugu vya Nigeriya na Gambiya, mu gihe benshsi mu Banyasiriya, abanya Afghanistani n’abanya Iraki babandanya gufata inzira y’ibihugu vya Turkiya n’Ubugiriki, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe HCR.

XS
SM
MD
LG