Uko wahagera

Siriya: Abantu 50 Biciwe mu Gisagara ca Idlib


Ivyikekwako ari ibitero vy’indege z’ingwano z’igihugu c’Uburusiya vyagizwe mu gisagara kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi ca Idlib. Ivyo bitero vyahitanye abantu mirongo itanu, abandi batari bake barakomereka, mu gihe abandi bafatiye mu bisigarira vy’inyubakwa zasenyutse.

Indege z’ingwano zagize ibitero vy’amabombe, mu masaha yo mu gitondo ku musi ku wa kabiri. Amabombe yaguye mu bibanza bibamwo abasivile hafi y’ibitaro n’umusigiti.

Abana batanu bari mu bishwe, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Siriya rifise icicaro i Londres mu Bwongereza.

Ubushikiranganji bujejwe kwuvuna abansi bw’Uburusiya bwahakanye ko bwagize ibitero vy’indege z’ingwano, mu gisagara ca Idlib.

Igisagara ca Idlib, kiri mu minwe y’umurwi al-Nusra, ukorana n’umurwi al-Qaida, utateye igikumu ku masezerano y’uguhagarika ingwano, yahagarikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Uburusiya, yagiye mu ngiro mu kwezi kwa kabiri k’wuyu mwaka.

XS
SM
MD
LG