Uko wahagera

Uburaya Bugiye Gufasha Impunzi z'Abarundi


Ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya ryashikirije amafaranga angana n’imiliyoni 12.2 z’amafaranga y’amanyaburayi agenewe gufasha imbabare ziri mumakambi y’impunzi z’abarundi.

Nkuko itangazo ry’uwo muryango ribivuga ayo mafaranga akaba aje yiyongera kuzindi miliyoni 10 z’amafaranga y’amanyaburayi iryo shirahamwe ryari rimaze gutanga.

Christos Stylianides, ajejwe imfashanyo no gutora umuti w’amatati mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya, yavuze ko iryo shirahamwe ryiyemeje gufasha abarundi mu bibazo bitandukanye barimwo.

Yibukije ko icakane c’umuliyoni w’abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi, ivyo bihugu bikaba bitera birengegwa nico kibazo. Iyo mfashanyo ikaba izob’ije gufasha ivyo bihugu bisanzwe bicumbitse izo mpunzi. Tanzaniya, akaba arico gihugu cakiriye impunzi nyinshi, aho mw’ikambi rimwe gusa rya Nyarugusu, ririmwo ababa 140.000 vy’impunzi z’abarundi.

Naho bagerageje kwongerereza amakambi yo kwakira izo mpunzi, nkaho bita I Mtendeli na Nduta, haracari vyinshi vyo gukora murayo makambi.

Stylianides avuga ko izo mpunzi zishobora kubangamigwa n’indwara z’ivyaduka hamwe n’imigera itandukanye ari hamwe atagikozwe.

Kuva mu kwezi kwa gatanu kwo mu mwaka uheze, Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya rikaba rimaze gutanga amafaranga agera ku miliyoni 36.2 z’amafaranga y’iburayi.

XS
SM
MD
LG