Uko wahagera

Nigeriya: Biafra Yongeye Kubyutswa


Igipolisi mu bumanauko bw’igihugu ca Nigeriya, kimenyesha kw’abantu indwi bishwe ku muhingamo w’ejo ku musi wa mbere, mu gutana mu mitwe hagati y’abapolisi n’abari mu myiyerekano isaba gusubizaho igihugu cahoze citwa Biafra, ciyonkoye kuri Nigeriya.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi mu ntara ya Delta du Niger, Usman Bala Alkali, yabwiye umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Serivisi y’igihawusa, ko izo mpande zibiri zarasanye inyuma yuko igipolisi kigerageje guhagarika abari mu myiyerekano kujabuka ikiraro gikomeye, ku ruzi Niger, gifatanya ibisagara vya Asaba na Onitsha.

Usman Bala Alkali, avuga ako ata burenganzira abari mu myiyerekano bari bafitiye ibikorwa vyabo, bamwe muribo bari bafise ibirwanisho.

Yatangaje kw’umupfasosni yibungenze n’abapolisi babiri bari mu bishwe.

Abasaba ko igihugu ca Biafra, gisubizwaho bagize kandi imyiyerekano, uno musi ku wa kabiri, mu bice vy’ama Reta atanu, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu arwiriyemwo abanyagihugu bavuga ururimi rw’iki Ibo.

Abanya Biafra bashaka kwiyonkora kuri Nigeriya, batangaje ko bikukiye mu kwezi kwa gatatu, mu mwaka w’i 1967.

Yamara barananiwe, muri uwo mugambi, inyuma y’ikiringo c’imyaka ibiri n’igice c’ingwano n’igisirikare ca Nigeriya.

XS
SM
MD
LG