Uko wahagera

Paris: Imyiyerekano y'Ukugarariza Akazi


Ubufaransa buriteze iyindi myiyerekano y’ukugarariza akazi, muri iyi ndwi, mu gihe Perezida Francois Hollande, yanse guheba umugambi wiwe w’ugutunganya gushasha ivyerekeye akazi ka Reta. Uwo mugambi watumye haba imyiyerekano mu gihugu cose.

Amwe mu mashirahamwe aharanira inyungu z’abakozi mu Bufaransa, yateye akamo k’iyindi myiyerekano y’ukugarariza akazi, mu misi iri imbere, ku bijanye n’amatereni, ibivuko n’ibibuga vy’indege.

Ukugarariza akazi ku bijanye n’ukwiyunguruzau imisi mikeyi imbere yuko igikombe c’umupira w’amaguru c’ibihugu vy’i Bulaya gitangurau kw’itariki cumi z’ukwezi kwa gatandatu, vyokwongereza ibibazo vyatewe mu ndwi iheze n’ingingo y’abari mu myiyerekano y’ukuzibira ibibanza vy’ububiko bw’ibitoro.

Mu ndwi iheze, umushikiranganjai wa mbere w’Ubufaransa, Manuel Valls, yatangaje kw’amategeko yerekeye akazi ashobora guhidurwa, mu vyokworohereza abakoresha kwinjiza n’ukwirukana abakozi, bikagabanya ububasha bw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abakozi. Uwo mushikiranganji yatangaje ko Reta itazoheba uwo mugambi.

XS
SM
MD
LG