Uko wahagera

Umutekano Warongeye Guhungabana kuri Maison Blanche


White House
White House

Ingoro y’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika, “Maison Blanche” yarugawe amasaha makeyi ku bantu baja kuyiraba kuwa mbere.

Abajejwe iperereza mu biro vya FBI batangaje ko ivyo vyabaye inyuma yaho hari umugore ataramenyekana atereye agatu gatekeye mu ruzitiro rwa Maison Blanche.

Abategetsi bamenyesheje ko inyuma yaho basuzumiye ako gatu basanze ataco konona.

Ivyo vyabaye inyuma y’amasaha makeyi Perezida Barack Obama avuye gushikiriza ijambo ahashinguwe abasirikare baguye k’urugamba, kw’itongo riri hafi ya Washington DC, k’uruhande rwa reta ya Virginiya.

Uwo mugore yaciye afatwa n’abajejwe umutekano. Abategetsi bamenyesha kandi ko umuryango wa Obama atacawuhungabanije.

XS
SM
MD
LG