Uko wahagera

USA: Abantu 4 barishwe muri Chicago


Abantu bashika bane barishwe abandi baharurwa kuri 50 barakomereka mu gisagara ca Chicago muri Leta zunze Ubumwe z’Amerika, inyuma yaho umuntu yitwaje inkoho abarasiye ku musi wa mbere.

Ivyo vyabaye ku musi wa gatandatu mugihe abanyamerika bari mu karuhuko bibuka abasirikare bapfiriye k’urugamba.

Igisagara ca Chicago kiza ubugira gatatu mu bisagara binini muri Amerika, ariko ibitigiri vy’abapfa barashwe biruta kure abapfira mu bisagara vya New York na Los Angeles bisanzwe arivyo vya mbere mu bunini.

Igipolisi ca Chicago kimenyesha ko mu mezi atatu ya mbere y’uyu mwaka, abantu 141 bishwe, ibitigiri bigaragara ko vyaduze mugihe mu mwaka uheze haharurwa abashika 82 bishwe.

Mur’ico kiringo nyene, habaye ukurasana guharurwa ku 667 ugereranije n’359 mu mwaka w’imbere yaho.

Imvo ituma ubwo bwicanyi bwiyongera ntiramenyekana, yamara igipolisi kimenyesha ko bukorwa n’umugwi muto w’abantu bafitaniye ubucuti n’utugwi tw’abagizi ba nabi turiko turasambuka bituma haba amatati hagati yabo.

XS
SM
MD
LG