Uko wahagera

Ubugiriki: Abimukira 29 Batabawe


Abimukira mu gisagara ca Idomeni, mu Bugiriki
Abimukira mu gisagara ca Idomeni, mu Bugiriki

CN-14730169 GREECE-MIGRANTS

Abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi mu gihugu c’Ubugiriki, batabaye abimukira 29, hafi y’izinga rya Lefkada, mu burengero bw’igihugu.

Abo bimukira bariko baja mu gihugu c’Ubutaliyano.

Abategetsi b’igihugu c’Ubgiriki bavuga kw’ico gikorwa c’ugutabara, cabaye ku musi w’Imana, cari igikorwa ca mbere cerekeye abimukira bariko bagerageza kuva mu Bugiriki bagana Ubutaliyano, kuva abategetsi b’Ubugiriki bugaye imbibe zo ku butaka mu kwezi kwa gatatu.

Abana babiri bavurwa ko bari mu bwato butoyi bwatowe hafi y’izinga rya Lefkada.

Amakuru atangazwa avuga ko kapiteni w’ubwo bwato, yari yabutaye, yari mu bantu bageregeza kwinjiza abimukira mu karere k’i Bulaya.

XS
SM
MD
LG