Uko wahagera

Amerika Yibutse Abasirikare Baguye ku Rugamba


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yahimbaje, ubugira ubwa nyuma ari mu mabanga yiwe, umusi abasirikare baguye ku rugamba. Yayoboye ibirori vyabereye ku kaburi ko mu gisagara ca Arlington, hanze y’igisagara ca Washington.

Perezida Obama, yashize urugori rw’amashurw,e ku mva y’abasirikare batashoboye kudondorwa, mu birori vyabaye, uno musi ku wa mbere, aho yahayagije abasirikare bapfuye bari ku rugamba. Muri ivyo birori, perezida Obama yashimagije intererano y’abagabo n’abapfasoni bishwe bariko barangura akazi kabo ku rugamba.

Mubo yahayagije harimwo, Sergeant, Joshua Wheeler, umusurikare wa Amerika w’Umunyamerika yishwe ku rugamba ariko arwanya umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu. Yifatanije n’umupfasoni wa Wheeler, Ashley, n’umwana wiwe w’umuhungu w’amezi umunani yamusigiye.

Imbere yaho perezida Obama, yarakiye imirwi y’abasirikare na basekobata, hamwe n’abayobozi b’igisirikare mu ngoro yiwe, Maison Blanche, uno musi ku wa mbere mu gitondo. Reta Zunze Ubzumwe za Amerika zihimbaza umusi wahariwe kwibuka abagabo n’abapfasoni baguye ku rugamba, bari mu gisirikare c’igihugu, bita Memorial Day, mu rurimi rw’icongereza.

Ibirori vy’ukwibuka uwo musi vyatanguye ku musi w’Imana, mu gisagara ca Washington, n’igiteramo cama kiba uko umwaka utashe mu kibanza citwa National Mall, imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka ya Amerika.

XS
SM
MD
LG