Uko wahagera

Mexique: Umukinyi Alan Pulido Yatabawe


Umukinyi, Alan Pulido , ari hagati kw'ifoto, mu gikobe c'isi yose c'umupira w'amaguru co mu mwaka w'i 2014
Umukinyi, Alan Pulido , ari hagati kw'ifoto, mu gikobe c'isi yose c'umupira w'amaguru co mu mwaka w'i 2014

Igipolisi mu gihugu ca Mexique catabaye, Alan Pulido, umukinyi w’umupira w’amaguru, yari yanyurujwe ku musi wa gatandatu mw’ijoro.

Abategetsi bavuga ko igikorwa c’ukumutaraba cabereye mu ntara ya Tamaulipas, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Pulido, afise imyaka mirongo ibiri n’itanu muri iki gihe, akaba akinira mu murwa w’umupira w’amaguru, Olympiacos, wo mu gihugu c’Ubugiriki, yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho hanze y’igisagara aturukamwo ca Ciudad Victoria, igihe yari avuye mu kibanza abantu bariko binerezeramwo.

Inyuma yuko atabawe, yaserutse mu kanya gatoyi mu kiganiro n’abameyeshamakuru, mu gitondo c’uno musi ku wa mbere, ari kumwe n’igipolisi. Yabwiye abamenyeshamakuru ako ameze neza.

Umurwi wiwe, Olympiacos, wiruhukije inyuma yuko atabawe.

Muri iki gihe ari kumwe n’umuryango wiwe.

XS
SM
MD
LG