Uko wahagera

Iraki: Inteko za Reta Ziriko Zegereza Fallujah


Inteko zijejwe umutekano z’igihugu ca Iraki zatanguye igikorwa ca gisirikare, uno musi ku wa mbere, c’ugusubira kwigarurira igisagara ca Fallujah, kiri mu minwe y’umurwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyislamu.

Inteko zijejwe umutekano ziriko zitera zegereza ico gisagara zivuye ku mpande zose. Mu gihe ugutana mu mitwe kwatanguye, hari impungenge zitera ziyongera ku vyerekeye abasivile bafatiwe, mu gisagara ca Fallujah.

Abarwanyi b’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, bahsize amabombe mu mabarabara, kandi bariko bakoresha abiyahuzi bafise amabombe.

Fallujah, igisagara ciziziwe n’aba Sunni kiri mu minwe y’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, mu gihe kitari gito. Abarwanyi b’uwo murwi bavurwa ko bashinze imizi muri ico gisagara

Mu gihe ugutana mu mitwe n’ibitero vy’indege z’igisirikare vyiyongeye mu micungararo y’ico gisagara, abasivile batera bemererwa nabi kurushiriza.

Mu gihe abantu amajana umunani bashoboye kuva mu gisagara ca Fallujah, abandi ibihumbi n’ibihumbi baracari muri ico gisagara.

XS
SM
MD
LG