Uko wahagera

Fallujah: Abasivile Barugarijwe n'Imigwano


Abasirikare ba Iraki baramaze gukikuza igisagara ca Fallujah mu mpande zine zose zaco mu ntumbero yo kucigarurira.

Igisagara ca Fallujah gisanzwe kiri mu minwe y’umuhari wa leta ya Kiyisilamu ukimazemwo ibihe birebire kuruta ibindi bisagara muri Iraki.

Mugihe ibitero vy’indege n’ivyo hasi bikomeje mur’ico gisagara, abasivile bari muri co bari mu kangaratete mugihe babuze aho bamenera ngo bahunge.

Abashika 800 barashoboye guhunga mugihe abaharurwa mu bihumbi bo bacugarijwe mur’ico gisagara.

Melissa Fleming, avugira ishirahamwe mpuzamakungu ONU atangaza ko hari amakuru avuga ko hari abasivile bishwe canke bahambwe babona mu bibomoke vy’amazu yabo.

ONU isaba ko abantu bokugururirwa imihora bocamwo kugira bave mur’ico gisagara mu mahoro kandi bahabwe n’ivyankenerwa bibafasha mu kubaho.

XS
SM
MD
LG