Uko wahagera

Mali: Abasirikare 5 Ba ONU Barishwe


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abasirikare baryo batanu bacungera amahoro n’umutekano muri Mali bishwe uwundi umwe arakomereka ejo ku musi w’Imana mu gitero cagabwe n’abarwanyi bataramenyekana.

Nta murwi n’umwe uratangaza ko wagavye ico gitero.

Inteko z’abafaransa hamwe n’iza ONU zimaze imyaka itari mike zirungikwa muri Mali kuva aho abarwanyi biyonkoye ku basirikare ba reta bagiye kwiyunga n’imigwi y’abarwanyi b’aba Islamu mu ntumbero yo kwigarurira akarere ko hagati muri Mali.

XS
SM
MD
LG