Uko wahagera

HCR: Abimukira 700 barapfuye muri Mediterane


Abimukira bariko bagerageza gusimbira mu mazi mugihe ubwato barimwo bwariko buribira.

Abimukira bariko bagerageza gusimbira mu mazi mugihe ubwato barimwo bwariko buribira.

Impunzi n’abimukira zirenga 700 zivugwa ko zoba zaribiye mw’ibahari mediterane mur’iyi ndwi iheze bagerageza kwinjira ku mugabane wa Bulayi.

Ivyo bimenyeshwa n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR.

HCR itangaza ko abashika 100 mur’abo ubwato barimwo bwibiye ku musi wa gatatu mugihe abandi baharurwa ku 550 ubwato barimwo bavuye muri Libiya bwihindukije buribira ku musi wa kane.

Igipolisi c’Ubutaliyano carahagaritse umukapitene w’ubwo bwato bugira kabiri, umugabo w’imyaka 28 yamuka muri Sudani inyuma yaho abashoboye kurokoka bamwagirije ko ariwe ntandaro y’ivyabashikiye.

Ubwato bugira gatatu buvugwa ko bwibiye nta gitigiri c’abari muri bwo catangajwe.

Abashika 135 barashoboye kurokorwa bakiri bazima mur’ubwo bwato bugira gatatu, hamwe n’imivyimba 45, ariko abatari bake ntibashoboye kumenya irengero ryabo.

Muri rusangi, abimukira barenga 1900 nibo barokowe mu bwato butandukanye mu bice 16 bitandukanye mw’ibahari mediterane, nkuko bishikirizwa n’abasirikare b’Ubutaliyano bacungera inkengera z’ibahari.

Abarokotse baciye bajanwa mu bisagara vya Taranto na Pozallo vyo mur’ico gihugu c’Ubutaliyano, aho babaye barabikwa mugihe bagitororokanya ibijanye n’amakuru yabo.

XS
SM
MD
LG