Uko wahagera

Ubudagi: Inkuba yarakomerekeje Abatari Bake


Mu gihugu c’Ubudagi, abantu 35 barakubiswe n’inkuba ahantu hariko habera urukino rw’umupira w’amaguru w’abana b'imikangara mu burengero bw’ico gihugu ku musi wa gatandatu.

Igipolisi co mu gisagara ca Hoppstaetten, mu budagi kimenyesha ko abantu batatu bakomeretse bikomeye, abana 30 bafise imyaka iri hagati ya 9 na 11 bajanywe mu bitaro.

Umwe mur’abo bakomeretse cane n’uwari ahagarariye urwo rukino, yakubiswe n’iyo nkuba ariho agiheza kurangiza urukino.

Kur’uyo musi nyene wa gatandatu, Inkuba nk’iyo yarakomerekeje abantu 11 barwiriyemwo abana ku murwa mukuru Paris mu Bufaransa mugihe bariko bahimbaza umusi mukuru w’amavuka w’uwundi mwana mugenzi wabo.

Abana bane hamwe n’abantu babiri bakuze barakomeretse bikomeye.

XS
SM
MD
LG