Uko wahagera

USA: Amerika Yibuka Abapfiriye K’Urugamba


Abanyamerika ku musi wa mbere bazoba bari mu karuhuko aho bibuka abagabo n’abagore bakoreye igisirikare c'Amerika bapfiriye ku rugamba mu gihe bariko barwanira igihugu.

Uwo musi wiswe “Memorial Day”, wama wibukwa buri musi wa mbere wa nyuma w’ukwezi kwa gatanu. Ni nawo musi bavuga ko utangurira ibihe vy’ici muri Amerika.

Mw’ijambo yama ashikiriza abanyamerika uko indwi irangiye, Perezida Barack Obama, yatangaje ejo kuwa gatandatu ko ari umusi wo kwibuka abiguze igihugu bagaheba ingo zabo, kandi batigeze bakura imyambaro ya gisirikare.

Yasavye abanyamerika bose kwama bashimira abo bose bigeze kuba bakorera igisirikare ca Amerika ariko batakiri mur’uyo murimo.

We n’umutambukanyi wiwe, Michelle Obama bararonse akaryo ko kuba kumwe n’imiryango y’abasirikare bapfiriye ku rugamba, aho basangiye umwanya w’umubabaro ariko kandi bashimishwa n’ukwitanga kw’abo babuze batanka.

XS
SM
MD
LG