Uko wahagera

HCR: Impunzi Mu Bugiriki Zifashwe Nabi


Impunzi zimurirwa mu makambi ya reta.
Impunzi zimurirwa mu makambi ya reta.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR kiratabariza impunzi n’abimukira bari mu bugiriki ko ico gihugu kibafashe nabi.

HCR ibabazwa nuko izo mpunzi zisanzwe ziri mu buraruko zibayeho ubuzima bubi isaba reta y’Ubugiriki kuzimurira mu bindi bibanza vyiza.

Ako kamo HCR igateye mugihe impunzi zishika 8,000 bimuwe mur’iyi ndwi bakuwe mu gisagara ca Idomeni, ku rubibe ico gihugu gihana na Masedoniya bimurirwa mu yandi makambi yo mu buraruko bw’Ubugiriki.

Benshi muri bo bamuka mu bihugu vya Siriya, Afghanistani na Iraki

Umuvugizi wa HCR, Melissa Fleming amenyesha ko bamwe mur’izo mpunzi barundanirijwe mu mazu abikwamwo ibikoresho vy’amahiguriro hatagira impwemu zikwiye.

Amenyesha kandi ko harangwa ubukene bw’ibifungurwa, amazi, utuzu twa surwumwe, n’ibindi.

HCR isaba reta y’Ubugiriki kubaronderera ibindi bibanza vyiza no kubaronsa ivyankenerwa bikwiye mu kubaho.

XS
SM
MD
LG