Uko wahagera

Abahinga Banse Ko Inkino Za Olympike Zibera Brezil


Abakozi bariko bacucagira umuti ahazobera inkino za Olympike mu gisagara ca Rio de Janeiro, muri Brazil
Abakozi bariko bacucagira umuti ahazobera inkino za Olympike mu gisagara ca Rio de Janeiro, muri Brazil

Abahinga muvy’ubuvuzi baharurwa kw’150 barateye umukono ku rwandiko rusaba ko inkino za Olympike zitegekanijwe kubera mu gisagara ca Rio de Janeiro muri Brezil zokunguruzwa ku yandi magenekerezo canke zikungururizwa mu kindi gihugu kitavugwamwo ikiza ca Zika.

Abo bateye umukono kur’urwo rwandiko n’abahinga bava mu bihugu birenga 20 bakorera mu bisata bitandukanye vy’amagara y’abantu.

Bemenyesheje kuwa gatanu ko kureka izo nkino zikabera mur’ico gihugu kwoba ari ugufata minenerwe amagara y’abantu.

Mubateye umukono kur’urwo rwandiko harimwo uwahoze ar’umuhanuzi muvy’ubushakashatsi mu biro vya Perezida wa Amerika, Dr. Philip Rubin.

Urwo rwandiko rusohotse mugihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryo ryatangaje ko atakibuza ko izo nkino zitunganwa mu kwezi kwa munani kur’imbere muri Brezil.

Abo bahinga baranegura OMS ko ishira imbere inyungu zayo aho kwitaho amagara y’abantu.

Mwomenya ko Brezil kiri mu bihugu vyo muri Amerika y’amajepfo bivugwamwo uwo mugera wa Zika.

XS
SM
MD
LG