Uko wahagera

Ban Ki Moon arashimishwa N’Imibonano Yabaye Hagati y’Abarundi


.

.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko ashimishwa n’imibonano ya politike yabaye hagati y’abarundi I Arusha muri Tanzaniya kuva ku magenekerezo ya 21 gushika 24 z’uku kwezi kwa gatanu.

Imibonano yari ihagarikiwe n’uwahoze ar’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Benjamin William Mkapa.

Ban Ki Moon arashimishwa n’ingingo yafashwe n’umufasha yo kudandanya imibonano n’abatabashije kuba kumwe n’abandi I Arusha.

Ban Ki Moon amenyesha ko umuti w’indyane za politike zimaze umwaka uzobonekera mu biganiro bihuza bose, bishingiye ku kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, n’amasezerano ya Arusha.

Aheraheza asaba ko ONU yofasha ivyankenerwa bikenerwa n’ibiro vy’umuhuza nkuko biri mu cemezo 2279 c’umwaka w’2016 c’inama ya ONU ijejwe umutekano.

XS
SM
MD
LG