Uko wahagera

Obama Yanditse Amateka Hiroshima


Barack Obama i Hiroshima
Barack Obama i Hiroshima

Barack Obama, yabaye parezida wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari mu mabanga yiwe agendeye igisagara ca Hiroshima. Ivyo vyabaye kuri uno wa gatanu.

Hiroshima n’igisagara aho indege y’Abanyamerika yakororoye bombe atomike ya mbere kw’isi kw’italiki zitandatu z’ukwezi kw’umunani, mu mwaka w’i 1945 mu misi ya nyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Perezida Obama avuga ko baje kwunamira abapfuye. Ivyo yabitangaje ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe. Bompi bashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’amahoro.

Perezida Obama, yatangaje ko bategerezwa gukura icirwa kuri kahise. Avuga ko bategerezwa gukora mu buryo butandukanye, kugira batume ububabare nkubo budasubira kuba.

Inyuma yuko perezida Obama, ashikirije ayo majambo, yararamukije abarokotse mu gisagara ca Hiroshima bari mu birori vy’ukwibuka ivyabaye kw’italiki 6 z’ukwezi kw’umunani, umwaka w’i 1945. Perezida Obama yararamukanije n’umuntu umwe ageze mu zabukuru yarokotse yari yarengewe n’ukobona ashobora kubonana na perezida Obama.

XS
SM
MD
LG