Uko wahagera

Imiryango 4 Ntigira Uburaro Muri Mubimbi


Imiryango ine yo ku mutumba Muzazi wa komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura ntigira uburaro kuva ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Ayo mazu yaturiwe n’abagiriza ba serugo b’iyo miryango ko ari abarozi.

Iyo miryango uko ari ine ubu iri mu kangaratete, kuko ata nakimwe yakuye mu mazu. Isembereye ku babanyi kandi iguma yicura guterwa.

Ababanyi b’iyo miryango yagirizwa uburozi n’abo nyene ngo ntibatahura ico bazira kuko ata nakimwe cakuwe mur’ayo mazu cerekana ko ari abarozi.

Abatuririwe amazu bagiriza bamwe mu mbonerakure za CNDD-FDD zo ku mitumba ya Muzazi na Kinama ko aribo babatuririye amazu. Uwurongoye zone Mubimbi Jean Bosco Nsengiyumva arahakana ico cagiriji. Yemeza ko ari ubukozi bw’ibibi bufatiye ku bintazi.

Uwo arongoye zone Mubimbi avuga ko amatohoza kur’ubwo bukozi bw’ikibi ageze kure . Abasore bane baza barahagaritswe ubu bavuganira mw’ibohero rikuru rya Mpimba nk’uko vyemezwa n’uwo arongoye zone Mubimbi.

Iyo miryango yatuririwe amazu nta mfashanyo iraronswa buca iyinga rirumana. Abo banyagihugu bafise icizere ko bagiye gufashwa vuba kuko musitanteri wa komine Mubimbi Léonidas Ntirandekura ategekanya kubagendera kur’uyu wa gatandatu.

XS
SM
MD
LG