Uko wahagera

Amerika: Donald Trump Yashikanye Icese Amajwi Akenewe


Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump
Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump

Umurwizatunga akomeye Donald Trump, yarashikanye icese amajwi akenewe, kugira agenwe guserukira umugambwe wiwe w’Abarepublika, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka.

Yaronse amajwi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itatu n’indwi intumwa z’umugambwe zizoshikiriza mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abarepublika mu kwezi kw’indwi, aho azogenwa icese.

Donald Trump, yabwiye abamenyeshamakuru muri Reta ya Dakota yo mu buraruko, ko kubona yashikanye ayo majwi ari iteka kuriwe.

Yatangaje ko mu misi yiwe ya mbere mu mabanga y’umukuru w’igihugu, azofuta amategeko yateweko igikumu na prezida Obama, kandi ko azosubira gukomeza igisirikare.

XS
SM
MD
LG