Uko wahagera

Uganda: Sentare Yegetse Icaha kuri Issa Luyima


Sentare mu gihugu ca Uganda yegetse ivyaha kuri Issa Luyima, ari inyuma y’ibitero vy’amabombe vyahitanye abantu mirongo irindwi na batandatu, ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

Umucamanza Alphonse Owiny Dollo, yatangaje ko Issa Luyima, yabonyweko yagize uruhara rukomeye mu gutegura ivyo bitero. Yagiwe n’ivyaha vy’iterabwoba uno musi ku wa kane.

Luyima, yari umwe mu bantu cumi na batatu bagirijwe ivyaha bitari bike, bifatiye kuri ico gitero. Barimwo Abanyakenya indwi, Abanyayuganda batanu n’Umunyatanzaniya umwe. Gushika ubu babiri muribo nibo bamaze kwagirwa n’ivyaha, mu gihe abandi bakirindiriye ingingo ya sentare.

Umurwi w’abarwanyi wo muri Somaliya, al-Shabab, wariyitiriye ibitero vy’amabombe vy’abiyahuzi, vyagizwe ku bantu bariko barorera urukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, co mu mwaka w’i 2010, mu buriro n’urukino nrwa rugby ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

Umurwi al-Shabab, watangaje kw’igitero ca bombe, co mu m waka w’i 2010, cari kigenewe kwihora ku ruhara rw’igihugu ca Uganda, mu nteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ziriko zifasha Reta ya Somaliya kurwanya intagondwa z’umurwi al-Shabab.

XS
SM
MD
LG