Uko wahagera

Uburusiya Bwarekuye Umudereva w'Indege wa Ukraine


Umudereva w'indenge w'umunya Ukraine, Nadiya Savchenko, i bubamfu, kw'ifoto, ku kibuga mpuzamaungu co ku murwa mukuru, Kiev, kw'italiki 25 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Umudereva w'indenge w'umunya Ukraine, Nadiya Savchenko, i bubamfu, kw'ifoto, ku kibuga mpuzamaungu co ku murwa mukuru, Kiev, kw'italiki 25 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Umudereva w’indege ya kajugujugu by’igisirikare ca Ukraine, yari amaze hafi y’imyaka ibiri mw’ibohero, mu gihugu c’Uburusiya, yatahutse n’indege mu gihugu ciwe aho yakiwe nk’intwari. Ivyo inyuma yuko abohowe, mu gikorwa c’ugukaba abanoyororo n’Uburusiya.

Nadiya Savchenko, yatahutse ku murwa mukuru Kiev, uno musi ku wa gatatu, aho perezida Petro Poroshenko, yamuhaye ikidali c’icubahiro gikomeye cane, mu gihugu, mu birori vyabereye ku murwa mukuru.

Imbere yaho, abasirikare babiri bavurwako ari Abarusiya, Alexander Alexandrov na Yevgeny Yerofeyev, basubiye ku murwa mukuru, Moscou mu gikorwa c’ugukaba abanyororo.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje uno musi ku wa gatatu, kw’abapfakazi b’abamenyeshamakuru babiri b’Abarusiya bishwe, mu buseruko bwa Ukraine, bari bamusavye kugirira ikigondwe umudereva w’umunya Ukraine, Nadiya Savchenko. Perezida Putin, avuga ko yizeye ko irekurwa ryiwe bizofasha kubabanya umwuka mubi watewe n’intambara muri Ukraine, hamwe n’ugutuma ata bandi bantu batakaza ubuzima bwabo.

Sentare yo mu Burusiya yari yaciriye Savchenko, imyaka mirongo ibiri n’ibiri y’umunyororo, inyuma yuko yagiwe ko yicishije abamenyeshamakuru babiri b’Abarusiya, mu gitero mu buseruko bwa Ukraine.

Savchenko, afise imyaka 35, arahakana ivyo yagirizwa, akaba yaragararije incuro zitari nke gufungura, mu mugambi y’ukwiyamiriza ipfungwa ryiwe.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ritangaza kw’Abasirikare babiri b’Abarusiya barekuwe, bari inteko zidasanzwe, bafashwe igihe bari mu gikorwa co mu mpisho, mu buseruko bwa Ukraine.

XS
SM
MD
LG